9 Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe.
Kandi nzokugabura mu maboko yabo, na bo bazosambura ka kanyabugoro kar’ ahibonekeza, basangangure na vya bitabo vyawe; bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake na twa tugenegene twawe twiza: maze bagusige uri gusa ur’amēnya.