Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:9
15 Referans Kwoze  

Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.


Naho Edomu yavuga, ati Dutsinzwe hasi, ariko tuzosubira kwubaka ahāsanganguwe; uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazokwubaka, ariko nanje nzosambura. Abantu bazobīta intāra y’ibigabitanyo, babīte n’ubgoko Uhoraho yama arakiye ibihe bidashira.


kugira ngo sinze ndamusige amēnya, akamera nk’umusi yavutseko, nkamuhindura nk’ubugaragwa, nkamusiga ngaho ameze nk’ ubgeranyange, nkamwicisha inyota.


Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka: mbere bazokwubaka amazu, ntibayabemwo, batere n’imizabibu, ntibanywe vino yayo.


Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.


Ivyuzuye ku mbuga no mu māto ntibizobatunga, kandi vino y’umubira izobashirako.


Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga.


kuk’ umwami w’i burārūko azogaruka, akagomora ingabo ziruta iza mbere; hashize imyaka azozana ingabo nyinshi n’isanduruma y’intekera.


Bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake n’utugenegene twawe twiza.


Kandi nzokugabura mu maboko yabo, na bo bazosambura ka kanyabugoro kar’ ahibonekeza, basangangure na vya bitabo vyawe; bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake na twa tugenegene twawe twiza: maze bagusige uri gusa ur’amēnya.


Nuko rero, ehe rāba, ngushingirije ukuboko kwanje, ntuvye ingaburo yawe, nkugabure mu bakwanka ngo bakugire uko bagomba, ni bo bakobga b’Abafilisitiya, bāmāramājwe n’ubgēruzi bgawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite