Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:7
41 Referans Kwoze  

riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.


Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.


Amazina yabo, umukuru yitwa Ohola, na murumuna we yitwa Oholiba: hanyuma ndabābīra, bacika abanje, bavyara abahungu n’abakobga. Ayo mazina yabo, Ohola ni we Samariya, na we Oholiba ni Yerusalemu.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.


Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Nuko rero, yewe Oholiba, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba, ngiye kukuvyukiriza ba būzure bawe, abo umutima wawe wazinutswe, mbazane kugutera baguturutse impande zose:


Kandi ko muvuga ngo Muzomera nk’ayandi mahanga, mube nk’imiryango yo mu bindi bihugu, mukorere ibigirwamana vy’ibiti n’ amabuye: mu vyo mwibgira mu mitima nta na kimwe kizoshika.


kandi wābīra imyambaro yawe ijererenze amabara urayivyambika; maz’ ubiterekereza amavuta yanje ya elayo n’imibavu yanje.


Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa; kand’ iryo sezerano nyene bāraryishe, naho nari shebuja, ni jewe Uhoraho mbivuze.


N’ukuri numvise Efurayimu yiganyira, ati Warankubise, ndakubitika, mmera nk’inyana itamenyereye ingōgo: mpindukiza mbone guhindukira, kuko wewe ur’ Uhoraho Imana yanje.


Ukubagiranira iki guhindura inzira yawe? Egiputa hazogutētereza, nk’uko Ashuri hagutētereje.


None se za mana zawe wironkeye ziri hehe? Ni zihaguruke, namba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe: kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw imana zawe zingana.


Yamara mwaravuze, mut’ Oya, ariko tuzoguruka ku mafarasi; kandi koko muzoba muhunga; kandi muti Tuzogendera ku y’impayamaguru; ni koko n’abazoba babirukana babakinagiza bazoba ar’ impayamaguru nyene.


Mutima wanje, subira mu buruhukiro bgawe; Kuk’ Uhoraho yakugiriye neza.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Kandi kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, uzonyita umugabo wawe, ntuzoba ukinyita shobuja.


kuko yahaye ibimazi imana z’i Damasiko zamunesheje, akavuga, at’ Izo mana z’abami b’i Siriya ko zabafashije, hinge nanje ndazihe ibimazi zintabare. Ariko zāmukwegeye akaziri, bo n’Abisirayeli bose.


Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.


Yagomwa Abashuri ni bo babanyi biwe, bār’ abagabisha n’abatware, bāri bambaye ibishajije rwose, bagendera ku mafarasi, bose ar’ imisore iteye igomwe.


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite