Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:5
33 Referans Kwoze  

Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Eh’ ukuntu umurwa wizigirwa ucitse maraya; ahāhora huzura imanza ziroranye, hakaba i wabo w’ubugororotsi, none hasigaye ar’ ah’ abicanyi.


Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.


Kuko bādūze, bakaja muri Ashuri, nk’ indogoba y’inyeshamba yīgunze ukwayo: Efurayimu yironkeshereje abūzure impēra.


Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko.


Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;


Kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw izo mana zawe zingana: kandi nk’ukw inzira zo muri Yerusalemu zingana ni ko mwagiye mushirah’ ibicaniro mubishiriyeho bga buyobe bganyu, ni vyo bicaniro vyo kwoserezakw imibavu Bayali.


Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Hanyuma abaganwa b’Abafilisitiya bakoranira gutanga ibimazi vyinshi babiha Dagoni imana yabo no kunezerwa, kuko bāvuga, bat’ Imana yacu yagabuye umwansi wacu Samusoni mu maboko yacu.


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


Kunda wigishwe, Yerusalemu, umutima wanje woye guhubanwa nawe; noye kuzohava nguhindura amatongo, igihugu kitakirimw’ umuntu.


Kandi ni wibaza mu mutima, uti N’iki gitumye mbonye aya? Umurengera w’ibigabitanyo vyawe ni wo watumye impuzu zawe zigukūrwako, ibitsintsiri vyawe bigasigara ar’ inkobe.


Mu mavuka yawe umusi wavutseko uruzogi rwawe ntirwagabiwe, ntiwarushe wuhagirwa amazi ng’ utungane; nta wakwiritse mu munyu na mba, canke ngw agushire mu twahi.


Nuko rero, wewe maraya, ni wumve ijambo ry’Uhoraho:


Kandi nzokugabura mu maboko yabo, na bo bazosambura ka kanyabugoro kar’ ahibonekeza, basangangure na vya bitabo vyawe; bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake na twa tugenegene twawe twiza: maze bagusige uri gusa ur’amēnya.


Kur’ uwo musi inkumi nziza‐nziza bo n’abasore bazorabikwa n’inyota.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite