Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mbere sinzogirira abana biwe imbabazi, kukw ar’ abana b’abasambanano,

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:4
17 Referans Kwoze  

Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya.


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.


Nzobasekanisha nk’impfizi z’intama, umwe n’uwundi, abana na ba se, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta kagongwe nzogira, cank’ impuhwe, cank’ imbabazi, ngo bimbuze kubageseza.


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Rāba rer’ ukugira neza kw’Imana, n’ubuhambazi bgayo: ku bāguye n’ubuhambazi, ariko kuri wewe n’ukugira neza kw’Imana, ni waguma mur’ ukwo kugira neza kwayo: kuko n’utagira urtyo, nawe uzohanyurwa.


Nukw igirira ikigongwe uw’ igomba, kand’ ikomantaza umutima w’uw’ igomba.


Mukora ibikorwa nk’ivya so. Baramubgira, bati Twebge ntitur’ ibivyarwa: dufise Data umwe, n’Imana.


Umumarayika w’Uhoraho araheza aravuga, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, uzogeza ryari kutagirira Yerusalemu ikigongwe, n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi?


Ati Nanje rero, ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, nta n’akagongwe nzogira, arikw ingeso zabo nzozibasubiza ku mutwe.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nturuhe winjira mu nzu y’abagandaye, ntuje kubaborogera canke kubaririra; kuko nkūye amahoro yanje kur’ ubu bgoko, bo n’imbabazi no kugirirwa neza, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.


Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


Maze Yoramu abonye Yehu, aramubaza, ati N’amahoro ga Yehu? Aramwishura, at’ Amahoro ki, ubusambanyi bga nyoko Yezebeli n’uburozi bgiwe bikiri ngaho ar’ isinzi?


Nzokurekurirakw ifuhe ryanje, na bo bazoguhanana inzigo; bazoguca amazuru n’ amatwi, kand’ amasigarira yawe azoririkwa n’inkota; bazotwara abahungu bawe n’abakobga bawe, maz’ amasigarira yawe azotikizwa n’umuriro.


Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite