Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 isi na yo yitabe ingano na vino n’amavuta, na vyo vyitabe Yezireli.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:22
8 Referans Kwoze  

Uhoraho yishura abantu biwe, at’ Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya elayo, maze muzota akabi: kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahanga.


Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.


Maz’ Uhoraho aramubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Yezireli; kuko hasigaye igihe gito ngahōra ab’ inzu ya Yehu amaraso yaviriye i Yezireli, kandi nzohenebereza ingoma y’inzu ya Isirayeli.


Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.


Ababa mu gitūtu ciwe bazogaruka; bazobaduka nk’ingano, bashurike nk’umuzabibu: ugutāmirana kwabo kuzomera nka vino y’i Lebanoni.


Ntuzosubira kwitwa Ntabga, n’igihugu cawe ntikizosubira kwitwa Misaka; arik’ uzokwitwa Nkundwakazi, n’igihugu cawe kizokwitwa Uwābiriwe; kuk’ Uhoraho agukundwakaje, kand’ igihugu cawe kizokwābīrwa.


Kandi nzobaha umutima wo kummenya yuko nd’ Uhoraho: bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, kuko bazongarukanak’ umutima wabo wose.


nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite