Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:2
22 Referans Kwoze  

Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Kand’ abagororotsi ni bo bazobacira urubanza ruberanye n’abasambanyikazi, kandi ruberanye n’abagore b’abicanyi; kukw ar’ abasambanyikazi koko, kand’ amaraso bavishije ari ku ntoke zabo.


Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Wītabiye ibitabo mu mayirabiri yose, ubgiza bgawe ubugira igihumane, witega ūhise wese, ugwiza ubumaka bgawe.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge bami b’i Buyuda, namwe ababa i Yerusalemu; uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana ivyago aha hantu, kand’ ūzovyumva wese iminzerere izomuvuga mu matwi.


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


Maze mvuga ivy’ uwo asāziye mu busambanyi, nti N’ubu nyene bagiye kumusambanya, na we asambane na bo.


Mbega ntiwobacira urubanza, ga mwana w’umuntu, ntiwobacira urubanza? Bamenyeshe ibizira vya ba sekuruza.


Ikigeretseko, wābiriye abahungu bawe n’abakobga bawe, abo wamvyariye, ubatanga kw ibimazi ngo bibarye. Mbeg’ ubumaka bgawe ubgita ikintu coroshe,


riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.


Mwite barumuna banyu, Bantubanje, na bashiki banyu, ba Inambabazi.


Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko.


Kand’ azoshingira amahanga ibendera, akoranirize hamwe abāri birukanywe bo mu Bisirayeli, akumakumire hamwe Abayuda bagiye isābagire, abakūye ku mfuruka zine z’isi.


Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.


Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite