Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:15
33 Referans Kwoze  

Bazohashinga ibande ata nkomanzi; mbere bazokwubaka amazu, batere n’inzabibu, bibere ngaho ata nkomanzi, igihe nzoba nshikije iteka nciriye ku babagirira nabi babakikije bose; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho Imana yabo.


riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.


Baraheza bamurundakw ikirundo kinini c’ amabuye: kiracariho na bugingo n’ubu. Maz’ Uhoraho arigarura, uburake bgiwe bg’inkazi burahwama. Ni co catumye izina ry’ aho hantu hitwa Ikiyaya Akori na bugingo n’ubu.


Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.


Ni jewe rembo, kand’ ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya.


Kandi nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli bājanywe ar’ inyagano, bongere kwubaka ibisagara vyāsenyutse, babibemwo; bazotera imirima y’imizabibu, binywere vino yayo; bazorima indimiro bīrīre ivyeze muri zo.


Yamara nzokwibuka isezerano nasezeranye nawe mu gihe c’ubuto bgawe, kandi nzogushirirah’ isezerano ry’ibihe bidashira.


Mbega mur’ ivyo bizira vyawe vyose n’ubumaka bgawe, ntiwarushe wibuka imisi yo mu buyoya bgawe, igihe wari gusa ur’amēnya, ukumbagara mu bisanza vy’amaraso?


Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo.


Ni muhindukirire igihome gikomeye, mwa mbohe ziri n’ivyizigiro: no kur’ uyu musi ndababgira ukuri yuko nzobashumbusha ibihetangabo kabiri.


Ibi ni vyo nibuka, bikantera ivyizigiro:


Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Amazu n’amatongo n’imirima y’imizabibu bizokwongera kugurwa mur’ iki gihugu.


Maze bizera amajambo yayo; Baririmba ishimwe ryayo.


Abisirayeli bagaca baririmba iyi ndirimbo, bati Dudubiza, wa Riba! Ni murivugirize impundu!


Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.


Maz’ i Sharoni hazoba icanya c’intama, kand’ ikiyaya c’i Akori kizoba ivyagiro ry’ inka, n’uburuhukiro bg’abantu banje bandondeye.


Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba.


Bāmbabaje kenshi, uhereye mu buto bganje, Abe ari kw Abisirayeli bavuga none:


Ijambo ry’Uhoraho rinzako,


Mbe ntiwoca uhēra ubu ukantakambira, uti Muvyeyi wanje, ni wewe wandōngōra mu buto bganje?


Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw ar’ ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ ivy’ ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw iherezo ryanyu.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Igihe nzoba mpejeje gukoranya ab’ inzu ya Isirayeli, mbakūye mu mahanga aho bāri barasābagiriye, nkiyerekana muri bo ko nd’ Uwera imbere y’abanyamahanga, ni ho bazoshinga ibande mu gihugu cabo, ico nahaye umusavyi wanje Yakobo.


Uhoraho yadūganye Abisirayeli abakūra muri Egiputa, abakūjey’ uwavugishwa na we, kand’ uwavugishwa na we ni we yabazigama.


Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Maze ntibaba bacibuka Uhoraho Imana yabo, yabakijije akabakūra mu maboko y’abansi babo bose bāri babakikije.


Kandi nk’ ah’ umengo vyamubereye ivyoroshe kugendera mu ngeso za Yerobowamu mwene Nebati, agerekako yābīra Yezebeli umukobga wa Etibayali umwami w’Abasidoni, aragenda asaba Bayali, aba ari yo asenga;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite