Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana.
Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.
Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.
None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,
Yongera gutabisha ibitabo ku mpinga z’imisozi, ivyo se Hezekiya yari yarasibanganije, yubakira Bayali ibicaniro, abāza igishushanyo ca Ashera, nk’uko Ahabu umwami w’Abisirayeli yagize; asenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, arazisaba.
Umusi ur’ izina, Ahaziya akoroka aciye mu nshingo z’idirisha ryo mu cumba ciwe co hejuru, ah’ aba i Samariya, yenderamwo kurwara. Bukeye arungika intumwa, ati Ni mugende mundagurize Bayali‐zebubi, imana y’i Ekuroni, mumbarize ko nzokira iyi ndwara.
Ariko bibagira Uhoraho Imana yabo, abagabura mu maboko ya Sisera umugabisha w’ingabo za Hasori, no mu maboko y’Abafilisitiya no mu maboko y’umwami w’i Mowabu; barabarwanya.
Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.
Ibigabitanyo vyanyu ubganyu, ni k’ Uhoraho agize, nzobibasubirizakw icarimwe n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza banyu, bosereza imibavu ku misozi, bakantukira ku turambi: ni co gituma nzobasubiriza mu nkōko ibikwiranye n’ ibikorwa vyabo.
Inzira z’i Siyoni ziraboroga, kukw ata wukiruha aza mu misi mikuru yashinzwe; Amarembo yaho yose arasivye, abaherezi baho baraniha: Inkumi zaho zifise umubabaro, na ho ubgaho hari n’ intuntu.