Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:12
14 Referans Kwoze  

Kandi kur’ uwo musi ahantu hose hāba imizabibu igihumbi yagurwa amahera yitwa shekeli igihumbi, hazoba ah’ imikere n’amahwa.


None rero reka mbereke ivyo ngira ngirire uruzabibu rwanje: ngira nkūreh’ ururombero rwarwo, maze rwonwe ruvumburwe; kandi nsambure uruzitiro rwarwo, rucibge iyondoyondo;


Nzobasimbirako mmeze nk’igikōko citwa idubu gisahuwe ivyana vyaco, nzotabagura urubambanda rwōrōshe imitima yabo: aho ni ho nzobatsontsomerera nk’intambge; ibikōko vy’inkazi bizobaromagira.


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke.


bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


Nzobanzura rwose, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta nzabibu zizoba zikiba ku muzabibu, cank’ insukoni ku musukoni, n’ibibabi bizokabirana; kand’ ibintu nabahaye bizobavako.


Mbega ntihasigaye akanya gato cane, Lebanoni hagacika itongo rimera cane, kand’ itongo ryamera cane rikitwa ishamba?


N’iki catumye usambura inzitiro zawo, Ngw abahita bose bawamure?


Bazorya ivyimburwa vyanyu n’ivyo kurya vyanyu, ivyo abahungu banyu n’abakobga banyu boriye; bazorya imikuku yanyu n’amasho yanyu; bazorya imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu; kand’ ibisagara vyanyu vyubakiwe inzitiro, ivyo mwishimira, bazobisanganguza inkota.


Nuko rero nanje nzogukūrakw impuzu, mfate ku musozo ndenze ku mutwe wawe, ubgambure bgawe buboneke.


Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite