Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:11
17 Referans Kwoze  

Nzinutswe imisi mikuru yanyu, ndayigaye, kandi simpimbawe na gatoya n’amakoraniro yanyu y’agahebuza.


mukavuga, muti Mbeg’ imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishōrera amahonda, cank’ isabato, ngo tubone gutundurura ingano ngo tugure, ngo dutūvye ingero yitwa efa, tugwize shekeli, duhendanishe iminzane y’ibinyoma;


Maze mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni: kukw igihugu kizoba gicitse amatongo.


Kuk’ ukw ari ko ngize, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nti Rāba aha hantu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, mbikore mukibona mukiriho.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Kandi nzozibiza ijwi ry’indirimbo zawe, kand’ ukuvuga kw’inanga zawe ntikuzosubira kwumvikana ukundi.


Ikindi, nzobakūramw’ ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ukuvuga kw’urusyo n’ukubonesha kw’itara.


Yerobowamu ashinga ko haba umusi mukuru mu kwezi kw’umunani, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, uhwanye n’umusi mukuru bāgira i Buyuda, yosereza ibimazi ku gicaniro; n’i Beteli ni ko yabigenza, aha ibimazi vya bishushanyo vy’amamasa yacurishije. I Beteli ahashira abaherezi b’ivyo bitabo yatabishije ku mpinga z’ imisozi.


Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.


Amaboko yanyu azopfa ubusa, n’igihugu canyu ntikizoruha cera, kandi n’ibiti vyo muri co ngo bigire ico vyama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite