Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mwite barumuna banyu, Bantubanje, na bashiki banyu, ba Inambabazi.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 2:1
17 Referans Kwoze  

kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.


Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu.


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Ihema ryanje na ryo rizoba kumwe na bo; nanje nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.


Kandi muzokwibera mu gihugu nahaye ba sogokuruza, mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu.


ngo babone kugendera mu vyagezwe vyanje, no kwitondera amabgirizwa yanje ngo babishitse: maze bazoba ihanga ryanje, nanje nzoba Imana yabo.


kandi bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;


eka mbere no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kugwiza nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi ruzokwegukira amarembo y’abansi barwo;


Kukw Abisirayeli atar’ intābga, cank’ Abayuda, ku Mana yabo, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, nah’ igihugu cabo cuzuye ivyo bācumuye k’Uwera w’Abisirayeli.


Nzobagwizakw abantu n’amatungo, bigwire birondoke: nzotuma musagazwako, mumere nk’ uko mwari mumeze ubga mbere; kandi nzobagirira neza kuruta uko nabagirira ubga mbere: maze muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite