6 Amashami yiwe azogasara, ubgiza bgiwe buse n’igiti c’umwelayo, n’ugutāmirana kwiwe kumere nk’ibiti vy’i Lebanoni.
Ariko jeho mmeze nk’igiti ca elayo kiremvye co mu rugo rw’Imana: Nizigira imbabazi z’Imana kugeza ibihe bitazoshira.
Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.
Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo.
Abacira uwundi mugani, at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye akagatera mu ndimiro yiwe.
Jewe Uhoraho nari nakwise igiti ca elayo kiremvye giteye igomwe, kirikw imyelayo myiza: noneho naragituriye, har’ urwamo rw’ akarūru kenshi, kand’ amashami yaco arahimbaguritse.
Umugore wawe azoba nk’ umuzabibu wama cane, ari haruguru mu nzu yawe; Abana bawe bazoba nk’utugemwe twa elayo, bakikije ameza yawe.
Aramwegera, aramugūmbīra: yumva ubutāmirane bg’imyambaro yiwe, aramuhezagira, at’ Ubutāmirane bg’umwana wanje Bumeze nk’ubg’ umurima Uhoraho yahaye umugisha:
Umugororotsi azototahara nk’ ikigazi, Azoshirwa hejuru nk’igiti c’ isederi c’i Lebanoni.
Mu misi izoza Yakobo azoshinga imizi, Isirayeli apfundike, ashurike: azokwama, yuzuze isi yose.
Buzoshurika amashurwe menshi, buhimbaranwe umunezero n’indirimbo; buzohabga ubgiza bg’i Lebanoni, n’ugushaza kw’i Karumeli n’i Sharoni: bazobona ubgiza bg’Uhoraho, ugushaza kw’ Imana yacu.
Muzobibona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, n’amagufa yanyu azototahara nk’ubgatsi bubisi, kand’ ukuboko kw’ Uhoraho kuzomenyekana mu basavyi biwe, kand’ azorakira abansi biwe.
Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.