Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 14:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 14:4
30 Referans Kwoze  

Inzira ziwe narazibonye, kandi nzomukiza; nzomurōngōra, nzoheruka kumwirurana n’abāmuborogera.


Kur’ uwo musi uzovuga, ut’ Uhoraho, ndagukengurukiye, kuko naho wandakiye, uburake bgawe burahwamye, nawe uramporahoje.


Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu,


Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, nzoharira ugusubira inyuma kwanyu. Ehe tukugarutseko, kukw ari wewe Uhoraho Imana yacu.


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


Arikw ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka,


yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.


batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu:


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


nti Rāba nzohazanira gukira no kuvūrwa, kandi nzobavūra; nzobahishurira amahoro bo n’ukuri vy’isinzi.


Mvūra, Uhoraho we, nanje ndakira; undokore, nanje ndarokoka: kukw ari wewe shimwe ryanje.


Mbeg’ i Gileyadi ntihariy’ umuti wo gusomōra? Nta muvūzi abayo? None n’iki cabujije uruguma rwa wa mukobga ari bo bgoko bgacu ko rukira?


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


Ariko yo, kuko yuzuye imbabazi, iharira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye, Mbere kenshi iroresha irya uburake bgayo, Ntikangure uburake bgayo bgose:


ati Finehasi mwene Eleyazari, Eleyazari wa Aroni umuherezi, ahwamitse uburake bganje, atumye buva ku Bisirayeli, kuko yarwaniye ifūhe ryanje muri bo, bigatuma ntarandura Abisirayeli kubg’ iryo fūhe ryanje.


Uhoraho abarira Mose, ati Jana n’abakuru bose baganza abantu, umanike abakoze ivyo imbere yanje, ubānikire ku zuba, kugira ng’ uburake bganje bg’inkazi buve ku Bisirayeli.


Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.


Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’ūdafise amahera na we n’aze; ni muze mugure, murye: ni mugure vino n’amata, mudatanze amahera cank’ ibiguzi.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ikindi kandi, ni nabgira umunyavyaha, nti Ntuzobura gupfa, arikw agahindukira akava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibikwiye,


Maz’ amahanga azoba akibakikije azomenya yukw ari jewe Uhoraho nubatse ahāri hārasenyutse, ngateragira imbuto ahāri hārasivye: ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzobishitsa.


Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.


Barunamye, baratemvye; Ariko tweho tuvuye hasi, turēmye.


Kandi nzokwikwerera ube uwanje ibihe bidashira; mbere nzokwikwerera mu bugororotsi no mu kuroranya no mu kugira neza no mu mbabazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite