Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 14:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 14:1
26 Referans Kwoze  

Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.


Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.


Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;


Erega n’ukwihamagarira guhona, ewe Isirayeli, k’unyikunkumuye, wikunkumuye umutabazi wawe!


Ibitsibo vyo ku mitwe yacu birakorotse: Tubonye ibara, kuko twakoze ivyaha.


Ubgibone bga Isirayeli ni bgo bumwagiriza imbonankubone: ni co kizotuma Isirayeli na Efurayimu bazotemba mu bigabitanyo vyabo, kandi na Yuda bazotemba hamwe.


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Kand’ Uhoraho azokubita Egiputa, ahakubite yongere ahakize: bazogaruka k’Uhoraho, na we azobakundira kumwinginga, kand’ azobakiza.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Ikindi kandi, ni nabgira umunyavyaha, nti Ntuzobura gupfa, arikw agahindukira akava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibikwiye,


Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.


Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.


Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw imbabazi ziri; mumene imishike yanyu; kukw igihe kigeze co kurondera Uhoraho, gushitsa ah’ azozira, akabarekurira imvura y’ubugororotsi.


Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.


Maze Hazayeli aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga mugenzi? Aramwishura, ati N’uko mbona ibibi uzogirira Abisirayeli; amaboma yabo uzoyatongoza umuriro, n’abasore babo uzobicisha inkota; utuyoya twabo uzotumenagura, abagore babo bafise inda uzobafomoza.


Mukurwawe ni Samariya, aherereye i bumoso bgawe, bo n’abakobga biwe; murumunawe aherereye i buryo bgawe ni we Sodomu n’abakobga biwe.


Abana ba Efurayimu, nk’uko nababonye, bagerewe kuba iminyago: mbere Efurayimu, ubgiwe azosokorora abana biwe abahe umwicanyi.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite