Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 13:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Erega n’ukwihamagarira guhona, ewe Isirayeli, k’unyikunkumuye, wikunkumuye umutabazi wawe!

Gade chapit la Kopi




Hoseya 13:9
25 Referans Kwoze  

Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira?


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Nta gihwanye n’Imana yawe, ewe Yeshuruni, Iza ireruwe n’ijuru, izanywe no kugutabara, Iza ireruwe n’ibicu, iri n’ igitinyiro.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Mut’ Ibigabitanyo vyanyu ni vyo bibujije ivyo, kand’ ivyaha vyanyu ni vyo bibīmishije ivyiza.


Enda rero, ni mwinginge Imana idutunge, itugirire ikigongwe, kukw ivyo vyabaye kubganyu: mbega nyene, hari n’umwe muri mwebge yokwemerera ko babonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi, kukw azogererwa ingero y’ivyo amaboko yiwe yakoze.


Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.


Arik’ ūncumuyeko, aba yankirije ubugingo bgiwe nyene: Abanyanka bose bakunda urupfu.


Ūsambana n’umugore aba igipfamutima; Ūgira artyo aba arondera guhonnya ubugingo bgiwe.


Hahirwa ūfise Imana ya Yakobo k’umutabazi wiwe, Akizigira Uhoraho Imana yiwe:


Imana ni yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, N’umufasha atabura guseruka mu magorwa.


Imitima yacu yiteze Uhoraho; Ni we mutabazi wacu n’inkinzo yacu.


Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.


Ingeso zawe n’ibikorwa vyawe ni vyo bikuzaniye ibimeze birtyo; ivyo ni vyo nyishu y’ububi bgawe; ni koko n’ivy’ umubabaro, kandi bikora no ku mutima wawe.


Ariko mweho murarihumanya, kuko muvuga, mut’ Ameza y’Uhoraho aranduye, kandi n’ivyo aduhēra kuri yo vy’ivyo kurya n’ibikēngēretse.


Ikindi muvuga, mut’ Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kandi muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza.


kuko yahaye ibimazi imana z’i Damasiko zamunesheje, akavuga, at’ Izo mana z’abami b’i Siriya ko zabafashije, hinge nanje ndazihe ibimazi zintabare. Ariko zāmukwegeye akaziri, bo n’Abisirayeli bose.


Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo: ikibakoraniriza hamwe n’indya na vino, ariko jeho barangarariza;


naho namenyereje amaboko yabo nkayakomeza, ariko bangīra inama z’ibibi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite