Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 13:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 13:6
23 Referans Kwoze  

Umunyakibi kubg’ ubgibone bgiwe aravuga, at’ Eka ntazohōra. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Nta Mana iriho.


Ariko mu kuganza kwabo, no mu vyiza vyinshi wabahaye, no mu gihugu kininiya kimera cane wabagabiye, ntibāgukoreye ngo bahindukire bareke ibikorwa vyabo bibi.


Ca Gitandara mwavutseko ntimukicibuka: Mwibagiye Imana yabavyaye.


Abisirayeli bār’ umuzabibu utotahaye, wama inzabibu zawo; ukw ivyo bamye vyabaye vyinshi, ni ko bagiye bagwiza ibicaniro vyabo vy’ibigirwamana; kand’ ukw igihugu cabo cagiye imbere, ni ko bagiye bashariza inkingi z’ibigirwamana.


Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Kuko wibagiye Imana y’agakiza kawe, ntiwibuke igitandara c’inkomezi zawe; ico ni co catumye uteragira interwa zo kwinezereza, ukishingira imizabibu y’ikigirwamana c’akavantara.


Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.


Mbega noshobora nte kuguharira? Abana bawe barantaye, bīrahira izitar’ imana; mpejeje kubagaburira bagahāga, bāciye basambana, barema inteko i wabo w’abasambanyikazi.


None rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Ko wanyibagiye, ukanshiburira inyuma yawe, ubushakanyi bgawe n’ ubumaka bgawe ni wewe biriko.


ubgenge bgawe bginshi n’ubudandaza bgawe vyatumye ugwiza ubutunzi, maz’ ubgo butunzi bgawe bgateye umutima wawe kwishira hejuru.


Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Uko bākomeje kugwira, ni ko bārushirije kuncumurako; icubahiro cabo nzogihindura ibitētērwa.


Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo: ikibakoraniriza hamwe n’indya na vino, ariko jeho barangarariza;


Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.


Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite