Ariko mu kuganza kwabo, no mu vyiza vyinshi wabahaye, no mu gihugu kininiya kimera cane wabagabiye, ntibāgukoreye ngo bahindukire bareke ibikorwa vyabo bibi.
Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.