4 Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.
Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.
Ngo N’izihe mu mana zose zo mur’ ivyo bihugu zākijije igihugu cazo ngo ntigikorokere mu maboko yiwe, ng’Uhoraho na we akize Yerusalemu ngo ntihakorokere mu maboko yiwe?
Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.