Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 13:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Samariya hazogibgako n’ibigabitanyo vyaho, kuko bāgararije Imana yabo: bazoririkwa n’inkota: abana babo b’inzoya bazomenagurirwa hasi, kand’ abagore babo bakuriwe bazofomozwa.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 13:16
23 Referans Kwoze  

Menahemu araheza atera i Tifusa, arahatsinda, ageseza n’ abari mur’ ico gisagara bose, anesha n’intara yaco uhereye i Tirusa nyene; icatumye ahageseza n’uko banse kumwugururira amarembo; nukw afomoza abagore bose bafise inda bari muri co.


Maze Hazayeli aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga mugenzi? Aramwishura, ati N’uko mbona ibibi uzogirira Abisirayeli; amaboma yabo uzoyatongoza umuriro, n’abasore babo uzobicisha inkota; utuyoya twabo uzotumenagura, abagore babo bafise inda uzobafomoza.


Utuyoya twabo na two bazotubamenagurira imbere; amazu yabo azosahurwa, kand’ abagore babo bazobenda ku kagōbēro.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Ariko hāranyazwe, hajanwa ar’ inyagano; n’ibibondo vyaho vyāhondaguriwe mu mayirabiri yose: n’abanyacubahiro baho bābagabanganishije ubupfindo, n’abahambaye baho bābabohesheje iminyororo.


Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje.


Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.


Nabonye Umwami Imana ahagaze i ruhande y’igicaniro, aravuga, ati Kubita imyashi y’inkingi, amatanguriro y’imiryango anyiganyige: uyibamenagurire ku mitwe yabo bose; kand’ ūzosigara muri bo wese nzomwicisha inkota: nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza.


Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!


Inkota izogwa ku bisagara vyabo, izohimbagura imyugariro yabo, iyiherengeteze, bazize imigabo yabo.


Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo.


Ntibantakambiye bivuye ku mutima, ariko baborogera ku mariri yabo: ikibakoraniriza hamwe n’indya na vino, ariko jeho barangarariza;


Ibihome bizoshira muri Efurayimu, n’ubgami bushire i Damasiko, bo n’amasigarira y’i Siriya; bizoba nk’ukw icubahiro c’Abisirayeli cabaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kuk’ uwo mwana ataramenya ubgenge bgo guhamagara, ati Data, canke Mama, ubutunzi bg’i Damasiko n’ iminyago y’i Samariya bizojanwa kw inyagano n’umwami w’i Ashuri.


Ni co catumye Uhoraho arakira cane Abisirayeli, akabirukana ngo bave imbere yiwe, ntihasigara n’umwe atar’ umuryango w’Abayuda gusa.


Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, ni ho umwami w’i Ashuri yatsinze i Samariya; araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’ Abamedi.


Maz’ umwami w’i Ashuri atera igihugu cose, aradūga aja i Samariya, ahugariza kumara imyaka itatu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite