Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.
kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.
Banza mubaze, murābe ko hogira umugabo aja ku nda ngw avyare: none n’iki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso ha bose hagahindurira?
Abo wironkeyekw abagenzi ni yabashira hejuru yawe ngo bakuganze, uzovuga iki, kand’ ari wewe wabiyigishirije? Mbeg’ umubabaro ntuzogufata nk’uw’ umugore ari ku nda?
Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]