Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 13:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 13:13
23 Referans Kwoze  

Baramubgira, bati Hezekiya aradutumye, ng’ Uyu musi n’umusi w’umubabaro n’ibihano n’ugushinyagurirwa, ngo Kukw abana bagomba kuvuka, kandi nta nkomezi zo kubavyara.


Bazokwiheba; umubabaro n’uburibge bibafate; bazobabara nk’umugore ari ku nda; bazorābana bumirwe; kandi mu maso habo hazohindurira nk’umuriro.


Nk’uk’ umugore akuriwe amera, iy’ igihe ciwe co kuvyara gishitse, aribga agatakishwa n’ibise vyiwe, uko ni ko twari tumeze imbere yawe, Uhoraho.


Agatengo kabafatirayo, N’uburibge, nk’ibise vy’umugore aramutswe.


Baramubgira, bati Hezekiya aradutumye, ng’ Uyu musi n’ umusi w’umubabaro n’ibihano n’ ugushinyagurirwa, ngo Kukw abana bagomba kuvuka, kandi nta nkomezi zo kubavyara.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Umunyamakenga iy’ abonye ikibi kije, arīkinga, Arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.


kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


I Damasiko haradendebukiwe, harakimiranye ngo hiruke, hafashwe n’agatengo: uburibge n’ umubabaro vyahafashe nk’umugore aramutswe.


Banza mubaze, murābe ko hogira umugabo aja ku nda ngw avyare: none n’iki gitumye mbona umugabo wese yifashe ku mafyinga nk’umugore aramutswe, mu maso ha bose hagahindurira?


Ewe uba kuri Lebanoni, ukārika icāri cawe mu masederi, es’ ukuntu uzoba uteye akagongwe igihe ibise bizoba bigufashe, nk’umubabaro w’umugore aramutswe!


Abo wironkeyekw abagenzi ni yabashira hejuru yawe ngo bakuganze, uzovuga iki, kand’ ari wewe wabiyigishirije? Mbeg’ umubabaro ntuzogufata nk’uw’ umugore ari ku nda?


Kuko numvise ijwi nk’iry’ umugore aramutswe, ubusinzikare bg’ūrikw aravyara umwana w’uburiza, ijwi ry’umukobga w’i Siyoni ahuzagizwa, ata amaboko, at’ Ewe jewe ndagowe! Umutima wanje ugwiriye igihumura imbere y’abicanyi.


Mbega notuma baramukwa, sintume bavyara? ni k’Uhoraho abaza; kw ari jewe ntuma bavyara, nobaboheramw’ inda? ni kw Imana yawe ibaza.


Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona.


Umugore iy’ aramutswe, aja mu mubabaro, kukw igihe ciwe kigeze, arikw iy’ umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kukw anezerejwe n’uk’ umuntu avutse mw isi.


Mbeg’ iyo ni yo ngero mushubije Uhoraho, Mwa bantu b’ibipfu b’imburabgenge? Si we Muvyeyi wanyu yabaremye, Akababumba, akabakomeza?


Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho.


Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite