11 Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse.
arik’ uyu musi muranse Imana yanyu, kand’ ari yo nyene ubgayo ihora ibakiza mu vyago vyanyu vyose no mu magorwa; mwarayibgiye ngo n’ibahe umwami. Nuko rero, ni muze muhagarare imbere y’Uhoraho, umuryango wose uk’ uri, n’ inzu yose ukw iri.
N’ukuri bazohava bavuga, bati Nta mwami tugira: kuko tutubashe Uhoraho; kare ho umwami yotumariye iki?
Iyo havyutse umugararizo mu gihugu abakiganza baba benshi, Arikw abantu b’ubgenge bakerebutse batuma impore ihoraho.
Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.
None rero, nguyo umwami mwitoranirije kandi mwasavye; Uhoraho abahaye umwami wo kubaganza.
Ivy’ i Samariya, umwami waho akamirikiye nk’ifuro ryo ku mazi.
Bukeye Samweli akoraniriza abantu i Misipa imbere y’Uhoraho,
Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.
Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:
Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.
Maze Samweli abarira Abisirayeli bose, at’ Ehe rāba, nabakoreye ivyo mwansavye vyose, mbimikiye umwami wo kubaganza.