Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 13:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Mbeg’ umwami wawe ari hehe, ngw agukize mu bisagara vyawe vyose? N’abashingantahe bawe bari hehe, abo wasavye ngo baguhe umwami n’abaganwa?

Gade chapit la Kopi




Hoseya 13:10
26 Referans Kwoze  

Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.


N’ukuri bazohava bavuga, bati Nta mwami tugira: kuko tutubashe Uhoraho; kare ho umwami yotumariye iki?


Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.


Kand’ Uhoraho azoba Umwami aganza isi yose; kur’ uwo musi Uhoraho azomenyekana kw ar’ umwe gusa, n’izina ryiwe kw ari rimwe gusa.


Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


None se za mana zawe wironkeye ziri hehe? Ni zihaguruke, namba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe: kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw imana zawe zingana.


Ni jewe Uhoraho, Uwera wanyu, Umuremyi wa Isirayeli, Umwami wanyu.


Kuk’ Uhoraho ari we mucamanza wacu; Uhoraho ni we adushingira ivyagezwe; Uhoraho ni we Mwami wacu: azodukiza.


Abisirayeli banezererwe Iyabaremye; Abana b’i Siyoni bagirire akaneza Umwami wabo.


Kukw inkinzo idukīngira ar’ Uhoraho; Umwami wacu n’Uwera w’ Abisirayeli.


Arikw Imana yahoze ar’ Umwami wanje uhereye kera, Ivy’ agakiza ibikorera hagati mw isi.


Mana, ni wewe Mwami wanje: Gerera agakiza aba Yakobo.


Uhoraho ni we Mwami ibihe bitazoshira, Abanyamahanga bārandukiye mu gihugu ciwe.


Ariko hanyuma umwami w’i Ashuri abona ko Hoseya arimw’ ubugarariji, kuko yari yatumye intumwa gutabaza umwami wa Egiputa yitwa So, kandi ntiyar’ akimuzanira amarari, nk’uko yar’ asanzwe agenza, uk’ umwaka utashe; ni co catumye uwo mwami w’i Ashuri amushira mu nzu y’imbohe akamuta mu munyororo.


Maz’ Abisirayeli bose bumvise yuko Yerobowamu yagarutse, batuma kumuhamagara ngw aze mw ikoraniro ryabo; baca baramwimika, aba umwami w’Abisirayeli bose; ntihāba hakigira ūsaba ab’ inzu ya Dawidi, atar’ umuryango wa Yuda gusa.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Bose bashushe nk’ iziko, batsontsomera abacamanza babo; abami babo bose barahindikiranye; nta n’umwe muri bo antakambira.


Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.


Uwar’ atubereye nk’impwemu duhumeka, uwari yararobanujwe amavuta n’Uhoraho, yakorokeye mu vyobo vyabo, Kand’ ari we twari twishimiye, ngo mu gitūtu ciwe ni ho tuzoba, uko turi hagati mu mahanga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite