Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 12:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 12:9
22 Referans Kwoze  

Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’Imana iba mw ihema gusa.


Imisi mikuru y’Abayuda yitwa iy’ Insago yarikw irashika.


canke ngo muze mwigere mwubaka inzu, canke ngo murime, canke ngo mutere uruzabibu canke ngo hagire ūzorwitirirwa; at’ Arikw imisi muzomara yose muze mube mu mahema, kugira ngo mubone kuramba mu gihugu mubamwo.


Ni jewe Uhoraho, Imana yanyu, Nabakūye mu gihugu ca Egiputa: Asama cane, nanje nduzuza akanwa kanyu.


Bagira imisi mikuru y’insago, nk’uko vyanditswe, batanga ibimazi vyo kwoswa vyo ku musi n’ umusi, nk’ukw igitigiri cavyo kiri, uko vyari vyarashinzwe ngo babikurikiranye uko bukeye;


Nd’ Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa ngo mbe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa, kugira ngo ntimube abagurano babo; navunnye ibiti vy’ingōgo vyababoshe, mbaha kugenda mwemye.


Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Abo bahungu barakura; Esau aba umuhigi w’umuhinga, w’ umunyeshamba; Yakobo we yaratekereza, yībēra mu mahema.


Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre.


Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.


Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.


Nta n’umwe ashobora gucungura mugenzi we na gatoya, Canke guha Imana incungu yiwe:


Har’ urunganwe rw’abantu bibgira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo.


Nk’ukw igisamba cokwuzuzwa izo nyoni, ni kw amazu yabo yuzuyemw’ ibigungano: ni co catumye bacika abahambaye, bakaba abatunzi.


abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite