Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 12:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 12:8
29 Referans Kwoze  

Kuk’ uvuga, uti Nd’ umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’ umworo, ur’ impumyi, ugenda amēnya;


Ntimwishimire agahahazo, Kandi ntimwizigire ubunyazi: Itunga ni ryagwira, ntimuze murishirekw imitima.


n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera.


Uko ni kw inzira y’umusambanyikazi imeze: Ararya, akanyuza umunwa mw ivu, Akavuga, ati Nta kibi nakoze.


Har’ urunganwe rw’abantu bibgira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo.


Bati Rāba, uyu ni we atāhinduye Imana igihome kimukīngira, Ariko yizigira ibihinda vy’ ivyo atunze, Akiha inkomezi mu bubi bgiwe.


Abishimira ubutunzi bgabo, Bakirata ibihinda vy’ivyo batunze,


Kandi muze mwirinde, mwoye kwiyumvira mu mitima yanyu, mut’ Ubutōre bgacu n’inkomezi zacu ni vyo vyaturonkesheje ubu butunzi.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.


Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.


Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde?


Amagambo mwamvuze yar’ akomeye, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Twakuvuze ibiki?


Ni co gituma urusenga rwabo baruha ikimazi, n’ umukwabu wabo bakawosereza imibavu; kukw ari vyo bibahesheje kwidibamira, bigatuma ivyo kurya vyabo bigwira.


Uvuga ute, uti Sinanduye, kand’ uti Sinakurikiye Bayali? Itegereze inzira zawe zo mu mwonga, umenye ico wakoze! Ur’ ingamiya y’iriza y’impehu, igenda iharātwa;


Ariko naho bimeze birtyo, uravuga, uti Nta gicumuro ndiko; kand’ uti N’ukuri n’uburake yar’ andakiye bgashize. Rāba nzobūrana nawe, kuk’ uvuga, uti Nta caha nakoze.


Uhoraho mwaramurambiye n’amagambo yanyu; yamara muravuga, muti Twamurambiye dute? Ni kuko muvuga yuk’ umuntu wese akora ivyaha ari mwiza imbere y’Uhoraho, ngo Kand’ aramuhimbara; canke ngw Imana ica imanza iri hehe?


ubgenge bgawe bginshi n’ubudandaza bgawe vyatumye ugwiza ubutunzi, maz’ ubgo butunzi bgawe bgateye umutima wawe kwishira hejuru.


Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.


Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho, Arikw ikilo c’ukuri kiramuhimbara.


Nk’ukw igisamba cokwuzuzwa izo nyoni, ni kw amazu yabo yuzuyemw’ ibigungano: ni co catumye bacika abahambaye, bakaba abatunzi.


mukavuga, muti Mbeg’ imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishōrera amahonda, cank’ isabato, ngo tubone gutundurura ingano ngo tugure, ngo dutūvye ingero yitwa efa, tugwize shekeli, duhendanishe iminzane y’ibinyoma;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite