Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 12:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Efurayimu n’Umunyakanani, umunzane w’ibinyoma uri mu kuboko kwiwe: akunda guhendana.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 12:7
28 Referans Kwoze  

Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho, Arikw ikilo c’ukuri kiramuhimbara.


Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Mber’ inkono yose ir’ i Yerusalemu n’i Buyuda izoba yerejwe Uhoraho Nyen’ ingabo; maz’ abatanga ibimazi bose bazoza kuzābīra, bazitekemw’ inyama. Kur’ uwo musi nta Munyakanani azoba akigera mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.


Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!


Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi; umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera.


Abantu b’abanyagihugu barahahaza bakambura; mbere bakagirira nabi umugorwa n’umukene, bakadendereza umuntu w’akavantara.


uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abarira Yerusalemu, at’ Amāmo yawe n’ amavuka yawe ur’ uwo mu gihugu c’i Kanani; so yar’ Umwamori, nyoko yar’ Umuhetikazi.


Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutāma, n’inkēngērwa izoshinyaguriza umunyacubahiro.


Ibigeresho n’iminzane bishitse n’ivy’ Uhoraho, Amabuye yose agera yo mw isaho n’igikorwa ciwe.


Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.


Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!


ubgenge bgawe bginshi n’ubudandaza bgawe vyatumye ugwiza ubutunzi, maz’ ubgo butunzi bgawe bgateye umutima wawe kwishira hejuru.


At’ Uyu ni we Bugarariji; maz’ amunyikiriza muri efa imbere, akubitirako ca cuma c’isāsu ku munwa wayo.


Ewe Uhoraho, niteze agakiza kawe!


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwitondere ibiroranye, mukore ivy’ ukugororoka: kukw agakiza kanje kagira gashike, n’ ukugororoka kwanje kugira guhishurwe.


Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu.


Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;


rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagize, ati Ni muce imanza ziroranye, umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite