Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 12:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Uhoraho Imana Nyen’ ingabo, Uhoraho ni ryo zina ryiwe.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 12:5
7 Referans Kwoze  

Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Jewe nd’Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibāzano.


Izina ryawe, Uhoraho, ryamah’ ibihe bidashira, Ewe Uhoraho, icibutso cawe kizohorah’ ibihe vyose.


Yakobo yita aho hantu Peniyeli: ati Mbonye Imana imbonankubone, non’ ehe ndacariho!


Yakobo arikangura, aravuga, ati N’ukuri Uhoraho ar’ aha hantu; nanje sinari ndabizi.


Muririmbire Uhoraho ishimwe, yemwe bakunzi biwe, Mushime izina ryiwe ryera.


Igihe Yakobo yar’ agarutse avuyei Padan‐aramu, Imana yongeye kumwiyereka, iramuhezagira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite