Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 12:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 mbere yahotoranye n’umumarayika, aramunesha; ararira, aramwinginga; i Beteli ni ho yayīboneye, kand’ aho ni ho yavuganiye na we,

Gade chapit la Kopi




Hoseya 12:4
18 Referans Kwoze  

Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Aho hantu Imana ivuganiye na we, Yakobo ahita Beteli.


Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,


maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Yahinduye ikiyaga ahūmūtse, Kandi baciye mu ruzi n’ ibirenge: Aho ni ho twayinezererewe.


Ahezagira Yosefu, at’ Imana, iyo sogokuru Aburahamu na data Isaka bagendera imbere, Imana yandagiye mu kubaho kwanje kwose igashitsa n’ubu,


Yakobo aramubgira, ati Ndakwinginze, nyibarira. Aramubaza, at’ Umbariza iki izina ryanje? Amuhezagirira aho hantu.


Maze Yakobo asigarayo wenyene. Haza umugabo, baranigana, bashitsa mu mutwenzi.


Uwo mugabo aramubarira, ati Ndekura, kuk’ umutwenzi utambitse. Aramwishura, ati Sinkurekura, utampezagiye.


Hakurikira Butoyi, afashe igitsintsiri ca Esau; bamwita Yakobo; kandi Isaka yar’amaze imyaka mirongwitandatu, igihe bāvuka.


Uwo mugabo abonye yukw atamushoboye, akora ku mutsi wo ku nyonga y’itako ryiwe, umutsi wo ku nyonga y’itako rya Yakobo urahinyagara bakiriko baranigana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite