Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 12:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Yakobo yahungiye i Padan‐Aramu, Isirayeli aca ingero umugeni, mber’ araragira kugira ngw aronke umugeni.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 12:12
9 Referans Kwoze  

Mur’ iyi myaka ukw ari mirongwibiri naba i wawe, nagukoreye imyaka cumi n’ine nca abakobga bawe bompi, n’iyindi itandatu ngucak’ umukuku w’intungwa: kandi wahinduye ingero zanje ibihetangabo cumi.


None rero mwana wanje, umve nkubarire: kūra hasi, uhunge, uje i Harani kwa Labani musazanje,


Wa wundi akomeze kwaturira imbere y’Uhoraho Imana yiwe, ati Sogokuruza yar’ Umwaramu w’inyererezi; aramanuka, aja muri Egiputa, babayo ar’ imparūrwa; bahindukirayo ihanga rinini rihambaye, ry’isinzi.


Mpa abagore banje n’abana banje, abo nakoreye, nīgīre; kuk’ uzi ukuntu nagukoreye.


Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Gileyadi n’igisagara c’inkozi z’ibibi, cayoberanijwe n’amaraso.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite