Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 12:1
20 Referans Kwoze  

Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.


Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga.


Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.


Waratewe koko, ariko mbeg’ uzototahara? Umuyaga w’i burasirazuba ni wawushikako ntuzoca wuma mbega? Uzokwumira mu ntabire aho wakuriye.


Umuyaga ni wo uzoragira abungere bākuragira bose, kand’ abūzure bawe bazoja mu mugozi: bibaye birtyo ntuzobura gutētērwa no kumāramāra kubg’ ibibi vyawe vyose.


ati Mbeg’ umunyabgenge yokwishurana amagambo asunitswe n’impwemu, Umuyaga akaba ari wo yuzuza inda?


Bukeye Puli umwami w’i Ashuri atera igihugu; maze Menahemu amuhongera italanto z’ifeza igihumbi, kugira ngo buzure, amuhagarikire, ahangame ku ngoma yiwe.


Maze mu nyuma zayo haca hamera iyindi mihuruhumbi ndwi y’ibihumbirane, yumishijwe n’umuyaga uvuye i burasirazuba.


Ukubagiranira iki guhindura inzira yawe? Egiputa hazogutētereza, nk’uko Ashuri hagutētereje.


Kandi nzobahinda mbirukane mu nyonga zanje, nk’uko nahinze bene wanyu bose, ni bo ruvyaro rwose rwa Efurayimu.


Twakomeye amashi Abanyegiputa, N’Abashuri kugira ngo turonke utwo kurya two kwisama.


Igihuhuta cabatwaye mu mababa yaco; kandi bazomāramāzwa n’ibimazi vyabo.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


Kandi Yehoramu ataba ibitabo ku mpinga z’imisozi y’i Buyuda, akwegera ababa i Yerusalemu ngo bahurumbire mu bumaka, azimiza Abayuda.


Ariko bayihemesha akanwa kabo, Bakayibeshesha indimi zabo,


Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


Sinzogenza nk’uk’ uburake bganje bg’inkazi buri, sinzohindukiranwa no kugeseza Efurayimu: kuko jewe nd’Imana, ntar’ umuntu; nd’ Uwera ari hagati muri wewe: sinzoza ndi n’uburake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite