Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 11:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 11:7
18 Referans Kwoze  

None rero n’iki cashubije inyuma aba bantu b’i Yerusalemu, bagasubira inyuma akagīrīre? Bakobereza ubugunge, bakanka kugaruka.


Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.


Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.


Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose; bameze nk’ umuheto utaye uruvuto. Abaganwa babo bazohindikiranywa n’inkota, bazize ukurandamuka kw’ururimi rwabo: ico ni co kizotuma baba agatwengo mu gihugu ca Egiputa.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Isirayeli Inamusubiranyuma yiyerekanye kw ar’ umunyakuri kuruta Yuda Inamuryarukanyi.


Ūsubira inyuma mu mutima wiwe azohāzwa n’inzira ziwe ubgiwe, Umuntu mwiza na we azohāzwa n’ibikorwa vyiwe.


Arikw abantu banje ntibanyumviye; Abisirayeli baranyikunkumura.


Isirayeli yabaye ikiganda nk’ inka y’ishashi y’ikiganda: non’ Uhoraho yobaragira nk’umwagazi w’intama ahantu h’amaramvya?


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


Umunyavyaha naho yogirirwa neza nta ho yokwiga kugororoka; mu gihugu c’ubugororotsi azohakorera ibigabitanyo, kandi ntazoruha yitegereza ubgiza bg’Uhoraho.


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Uhereye umusi ba sogokuruza banyu bāviriye mu gihugu ca Egiputa ugashitsa no kur’ uyu musi, nabatumyekw abasavyi banje bose, ari bo mvugisha, nama nzindurwa uko bukeye no kubatuma:


ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite