Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 11:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ariko ni jewe nigishije Abefurayimu gutambuka; nabashize mu kwāha; ariko ntibamenye kw ari jewe nabakijije.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 11:3
20 Referans Kwoze  

Ariko nzosubira kugukomeza, nzogukiza ibikomere vyawe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko bakwise uwirukanywe, bati Ni Siyoni, hatagifise ūkihababara.


no mu bugaragwa, aho Uhoraho Imana yanyu yagenda abaterura nk’ uko mubizi, nk’uk’ umugabo aterura umwana wiwe, mu rugendo mwagenze rwose, nti Gushitsa aho mwashikiye aha hantu.


Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.


naho namenyereje amaboko yabo nkayakomeza, ariko bangīra inama z’ibibi.


Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa.


Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.


Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Ni munyumve, yemwe ab’ inzu ya Yakobo, mwa masigarira yo mu nzu ya Isirayeli mwese, abo nateruye uhereye mukivuka, nkabaheka mukiva mu nda;


Kand’ umuco w’ukwezi uzomera nk’uw’ izuba, kand’ umuco w’izuba uzokwongerekanywa ibihetangabo ndwi, ungane n’umuco wo mu misi ndwi, ku musi Uhoraho azopfuka ibikomere vy’abantu biwe, akavūra n’inguma yabakubise.


Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge.


Mbeg’ i Gileyadi ntihariy’ umuti wo gusomōra? Nta muvūzi abayo? None n’iki cabujije uruguma rwa wa mukobga ari bo bgoko bgacu ko rukira?


Ni mwumve, mwa majuru, tega amatwi, wa si we, kuk’ Uhoraho abivuze: ati Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


uti Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’ inkukuma akabazana iy’ ari.


Arungika ijambo ryiwe, akabakiza indwara, Akabakiza kuja mu vyobo vyabo.


Imana ihoraho ni yo buhungiro bgawe, Kand’ amaboko y’ibihe vyose yama akuramira. Yirukanye abansi imbere yawe, Iravuga, iti Genda urandure!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite