11 Bazoza bavuye muri Egiputa bahinda agashitsi nk’inyoni, no muri Ashuri bameze nk’inuma, kandi nzobabesha mu mazu yabo, ni k’Uhoraho agize.
Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.
Aba ni ba nde baguruka nk’igicu, kandi nk’ inuma zisubira mu turyango tw’ ivyari vyazo?
Nzokwongera mbatārūre no mu gihugu ca Egiputa, mbakoranye mbakūre muri Ashuri: maze mbashitse mu gihugu c’i Gileyadi n’i Lebanoni: mbere ntibazohakwirwa.
Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.
Ariko ku musozi Siyoni hazoba ubukiriro, kandi hazoba hēra; ab’ inzu ya Yakobo bazokwiganzira ivyabo.
maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.
Bazoba mu gihugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, aho ba sekuruza bāba: ni ho bazoba, bo n’abana babo n’abuzukuru babo, ibihe bidashira. Kandi Dawidi umusavyi wanje azoba umwami wabo gushitsa ibihe bidashira.
Maz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nkūre Abisirayeli mu mahanga bāgiyemwo, mbakoranirize hamwe mbakūye mu mpande zose, mbashikane mu gihugu cabo bgite;
Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.
Maz’ igiti co mw ishamba kizokwama, isi yimbuke ivyimburo vyayo; na zo zizokwibera amahoro mu gihugu cazo; kandi zizomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kuvuna ibiti vy’ingōgo zambitswe, no kuzirokora mu maboko y’abāzihinduye abaja.
Ntizizokwongera kuba inyagano z’abanyamahanga ukundi, cank’ ibikōko vyo kw isi ngo bizirotse; ariko zizokwibera amahoro, ata kiziteye ubgoba.
Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba, nzokiza abantu banje, mbakūre mu gihugu c’i burasirazuba no mu c’i burengerazuba,
nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi.