Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 11:1
18 Referans Kwoze  

agumayo gushitsa Herode amaze gutanga, ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngw ave muri Egiputa.


Kand’ uz’ ubarire Farawo, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Isirayeli n’umwana wiwe w’imfura:


Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.


riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


Narabakunze, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Wadukunze mu biki? Mbega Esau ntiyari mukuru wa Yakobo? ni k’Uhoraho abaza; ariko rero nakunze Yakobo,


Uhoraho yadūganye Abisirayeli abakūra muri Egiputa, abakūjey’ uwavugishwa na we, kand’ uwavugishwa na we ni we yabazigama.


Maze nguserutseko, mbona ingen’ ukumbagara mu bisanza vy’amaraso, ndakubarira, nti Nah’ uri mu maraso yawe, ndaguteretse, baho! Mbere narakubariye, nti Nah’ uri mu maraso yawe, ndaguteretse, baho!


Icatumye Uhoraho abakunda, akabatoranya, s’uko mwarusha ayandi mahanga yose ubginshi; mbere mwar’ ubusa hanyuma y’ayandi yose.


Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.


kandi yarakubariye, ngo Rekura umwana wiwe agende, aje kumusaba; ariko wanse kumurekura; uti Nuko rero na we azokwica umwana wawe w’imfura.


Bāmbabaje kenshi, uhereye mu buto bganje, Abe ari kw Abisirayeli bavuga none:


Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi.


Ivyo ni vyo Beteli hazobahamagarira kubg’ ibigabitanyo vyanyu bikomeye: mu mutwenzi umwami w’Abisirayeli azoba amaze gufyerengetezwa rwose.


uti Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’ inkukuma akabazana iy’ ari.


N’ivy’ ukuri arakunda amahanga, Abera biwe bose bari mu kuboko kwiwe, Bicaye hambavu y’ibirenge vyiwe, Umuntu wese yumva amajambo yiwe.


Kuko wabaye uw’ igiciro kinini mu nyonga zanje, n’umwubahwa, nanje nkagukunda, ni co gitumye nzoheba abantu kubgawe, n’amahanga kubg’ ubugingo bgawe.


Mbega mur’ ivyo bizira vyawe vyose n’ubumaka bgawe, ntiwarushe wibuka imisi yo mu buyoya bgawe, igihe wari gusa ur’amēnya, ukumbagara mu bisanza vy’amaraso?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite