Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 10:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ivy’ i Samariya, umwami waho akamirikiye nk’ifuro ryo ku mazi.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 10:7
9 Referans Kwoze  

N’ukuri bazohava bavuga, bati Nta mwami tugira: kuko tutubashe Uhoraho; kare ho umwami yotumariye iki?


n’imipfunda yo mu kiyaga isūriranya, babimba ifuro ry’ibiteye isoni vyabo; n’inyenyeri ziyerera zibīkiwe umwiza w’umuzitanya ibihe bidashira.


Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse.


Ivyo ni vyo Beteli hazobahamagarira kubg’ ibigabitanyo vyanyu bikomeye: mu mutwenzi umwami w’Abisirayeli azoba amaze gufyerengetezwa rwose.


Ariko hanyuma umwami w’i Ashuri abona ko Hoseya arimw’ ubugarariji, kuko yari yatumye intumwa gutabaza umwami wa Egiputa yitwa So, kandi ntiyar’ akimuzanira amarari, nk’uko yar’ asanzwe agenza, uk’ umwaka utashe; ni co catumye uwo mwami w’i Ashuri amushira mu nzu y’imbohe akamuta mu munyororo.


Hanyuma Hosheya mwene Ela agarariza Peka mwene Remaliya, amutsindaho aramwica, asubira ku ngoma yiwe; hāri mu mwaka ugira mirongwibiri Yotamu mwene Uziya ari ku ngoma.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi, ati Va hasi, uje guhūra n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibaze, uti Mbeg’ icatumye muja kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, n’ ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli?


Kandi hār’ umuntu yitwa Naboti w’i Yezireli, yar’ afise uruzabibu aho nyene i Yezireli, rubangikanye n’urugo rwa Ahabu umwami w’i Samariya.


Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite