Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 10:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Zizojanwa muri Ashuri kw ingorore z’umwami Yarebu: Abefurayimu bazotētērwa, Abisirayeli bamāramāzwe n’imigabo yabo.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 10:6
22 Referans Kwoze  

Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.


Nuko rero za nkomezi za Farawo zizobatētereza, na bga bgugamo bgo mu gitūtu ca Egiputa buzobambika ibara.


kand’ ibigirwamana vyabo na vyo, n’ibishushanyo vyavugutiwe, n’ibintu vyabo vyiza‐vyiza vy’imbombovu vy’ifeza n’ivy’ izahabu, azobinyaga abijane muri Egiputa; maz’ azomara imyaka aretse umwami w’i burārūko.


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje.


Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.


Igihuhuta cabatwaye mu mababa yaco; kandi bazomāramāzwa n’ibimazi vyabo.


Uko bākomeje kugwira, ni ko bārushirije kuncumurako; icubahiro cabo nzogihindura ibitētērwa.


Ni ho muzokwibukira ingeso zanyu mbi, n’ibikorwa vyanyu bitari vyiza; kandi muzokwiyanka urunuka, kubg’ ibigabitanyo vyanyu n’ibizira mwakoze.


Abanyamowabu bazomāramāzwa na Kemoshi, nk’ ukw ab’ inzu ya Isirayeli bāmāramājwe n’ivy’ i Beteli bāri bishimiye.


Bazotētērwa, bamāramāre bose, bazomāramārira hamwe, abakora ibishushanyo vy’ibigirwamana.


Kuko muzomāramāzwa n’ibiti vy’imyeloni mwishimiye, kandi muzokwumizwa n’ibigabiro mwashimye;


Intambuko ziwe z’inkomezi zizopfunywa, Imigabo yiwe ubgiwe ni yo izomutsinda hasi.


Bukeye Shalumaneseri umwami w’i Ashuri aradūga, aramutera; Hoseya yemera kuganzwa na we, akāma amuzanira amarari.


Kandi wigize maraya ku Bashuri, kuk’ ur’ intashirwa; mbere wigize maraya kuri bo, yamara na ho nyene ntiwashirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite