15 Ivyo ni vyo Beteli hazobahamagarira kubg’ ibigabitanyo vyanyu bikomeye: mu mutwenzi umwami w’Abisirayeli azoba amaze gufyerengetezwa rwose.
Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.
Ivy’ i Samariya, umwami waho akamirikiye nk’ifuro ryo ku mazi.
Mbeg’ iciza cambereye urupfu? Eka na mba! Arikw icaha ni co cārubaye, ngo kimenyekane kw ar’ icaha, kuko canyicishije iciza, ngw icagezwe gitume icaha kirushiriza kuba kibi.
N’ukuri bazohava bavuga, bati Nta mwami tugira: kuko tutubashe Uhoraho; kare ho umwami yotumariye iki?
Ariko noneho, Uhoraho avuze, ngw Imyaka itatu itarashira, urīmbūye imyaka nk’iy’ umucangero, icubahiro c’i Mowabu kizokēngērwa bo n’ishengero ryaho ryose rikomeye, kand’ amasigarira azoba ar’ inkehwa rwose, ata co bamaze.
Ni co gituma hazoba imivurungano mu bgoko bganyu, kand’ ibihome vyanyu vyose bizosangangurwa, nk’uko Shalumani yasanganguye Beti‐Arubeli ku musi w’intambara, ah’ umuvyeyi yavunaguranwa n’abana biwe.
Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.