Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 10:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Mwarimye ivyaha, mwimbura ibigabitanyo; mwariye ivyamye ku binyoma: kuko mwishimiye imigabo yanyu, n’isinzi ry’abahizi banyu.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 10:13
19 Referans Kwoze  

Nk’uko ngenda mbibona, abarima ibigabitanyo, Bakabiba amagorwa, ni vyo bazokwimbura.


Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga.


Ūbivye ukugabitanya yimbura ivyago, Kand’ inkoni y’uburake bgiwe izovunika.


Ni co gituma bazorya ku vy’ inzira zabo zāmuje, Bazohāga akazīkira kabo ubgabo.


Nta mwami akizwa n’ukw ari n’ingabo nyinshi, Umuhizi ntarokorwa n’inkomezi ziwe nyinshi.


Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.


Ntimwishimire agahahazo, Kandi ntimwizigire ubunyazi: Itunga ni ryagwira, ntimuze murishirekw imitima.


Bati Rāba, uyu ni we atāhinduye Imana igihome kimukīngira, Ariko yizigira ibihinda vy’ ivyo atunze, Akiha inkomezi mu bubi bgiwe.


Umwami bamuteresha umunezero ivyaha vyabo, n’abaganwa bawubateresha ubuhemu bgabo.


Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.


Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa, Kand’ ūvuga ivy’ ubuhūmvyi ntazokira.


Umunwa w’ukuri uzokomezwa gushitsa ibihe bidashira, Arik’ ururimi rw’ibinyoma n’urw’ akanya gato.


Umuntu azorya ivyiza abiheshejwe n’ibivuye mu kanwa kiwe, Arikw ingunge zifuza kugira amanyama.


Ku musi wabiteyeko warabizitiriye, bukeye utuma ivyo wateye bishurika: arikw ivyimburwa bizobura ku musi w’umubabaro n’akabonge k’ubgihebe.


Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.


Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.


None ga mwami w’Abisirayeli, uteye iki? Uhīga iki? Ereg’ uteye imbga ipfuye, uhīga imbaragasa!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite