Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 10:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw imbabazi ziri; mumene imishike yanyu; kukw igihe kigeze co kurondera Uhoraho, gushitsa ah’ azozira, akabarekurira imvura y’ubugororotsi.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 10:12
33 Referans Kwoze  

Kand’ imbuto zo kugororoka zibibga mu mahoro n’ababanguranya.


Mwa majuru, murekure ukugororoka kuve mw ijuru, n’ikirēre kigucuncubure: isi yasame, itengengerekw agakiza, ikamezanye n’ukugororoka: ni jewe Uhoraho nabiremye.


Umunyakibi aca ingero y’ibihendo, Arik’ ūbiba ubugororotsi aronka impēra y’ukuri.


Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi:


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’ utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ ibi cank’ ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.


Murondere Uhoraho n’inkomezi ziwe; Murondere mu nyonga hiwe ibihe bidashira.


ati Mushishikare guca mw irembo ripfunganye: ndababgira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Jewe Uhoraho abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho; noye kuzosūmira inzu ya Yosefu nk’ umuriro, nkayitongora, i Beteli hataribuboneke uwo kuyizimya.


Bazobona ibara, abamanuka baja muri Egiputa gutabaza, bakishimira amafarasi, bakizigira imikogote ikwegwa n’ amafarasi kukw ari myinshi, bo n’abagendera ku mafarasi kukw ar’ abanyenkomezi nyinshi, ariko ntibashire umutima ku Wera w’Abisirayeli, kandi ntibarondere Uhoraho.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho abariye inzu ya Isirayeli, at’ Abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho:


Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.


Umwe yaremye inyenyeri zitwa Kilimiya na Oriyoni abe ari we mubaza; ni we ahindura igitūtu c’urupfu kigacika agatondo, n’umurango akawuhindura umwiza w’ijoro; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga, akayasendanisha kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe;


Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga.


Mbere n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.


Nzoziha umugisha hamwe n’uturambi duherereye ku musozi wanje; kandi nzorekura imvura mu gihe cayo; hazogwa imvura ihesha umugisha.


Murahiriwe, yemwe ababiba mu biyaya vy’ amazi yose, mukarekura inka n’ indogoba kugenda umwagambo.


Kand’ azorekurira imvura imbuto muzobiba mu ndimiro, kand’ imihure ivuye mu ndimiro izoba inovereye yo gutunga amagara: ico gihe imikuku yanyu izorisha ivyanya binini.


Kuko mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni k’Uhoraho agize, Abisirayeli bazoza, bazananye n’ Abayuda; bazogenda barira ingenda, barondera Uhoraho Imana yabo.


kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura.


Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi, Kand’ abarukunda bazorya ivyo rwamye.


Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe, Nk’imvura y’umuvuvu itosa isi.


Kand’ Īha umubivyi imbuto n’imitsima yo kurya, ni yo izobaha, ibongeranirize imbuto zanyu zo kubiba, kand’ izogwiza imbuto z’ukugororoka kwanyu.


Iy’ uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’ uruzi, kand’ ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ ikiyaga;


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Uzoshikamishwa n’ukugororoka; uguhahazwa kuzokuba kure, nta co uzotinya; bo n’ibitera ubgoba, kuko bitazokwēgēra.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite