Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 10:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Efurayimu ni nk’inka y’ishashi yigishijwe, ikunda gusekura ingano; ariko nzomwambika ingōgo mw izosi ryiwe ryiza: kandi nzoshira kuri Efurayimu ūmwicarako; Yuda azorima, Yakobo akubite imvyirire.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 10:11
13 Referans Kwoze  

Isirayeli yabaye ikiganda nk’ inka y’ishashi y’ikiganda: non’ Uhoraho yobaragira nk’umwagazi w’intama ahantu h’amaramvya?


Kuko vyabanezereye, bikabahimbara, mwebge abanyaga ishamvu yanje; kuko mwikirigita nk’inka y’iriza yo mu magarama, mukaroherana nk’amafarasi y’inkomezi;


Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano.


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


Nabakwegesheje imigozi y’umuntu, imigozi y’ibitsibo vy’urukundo; kandi nabamereye nk’ababakūra ingōgo mu mibangabanga yabo, nterekeranya ivyo kurya imbere yabo.


Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Mbeg’ umurimyi avyiririra kuzobiba, yama avyirira na ntaryo? Mbega yama avyirira agakubita imvyirire na ntaryo?


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nambitse ingōgo z’ivyuma ku mazosi y’aya mahanga yose, kugira ngo basabe Nebukadineza umwami w’i Babuloni: kandi bazomusaba; kandi namuhaye ibikōko vyo ku misozi na vyo.


Egiputa n’inka y’iriza iteye igomwe rwose; ariko haje ikibugu kivuye i burārūko, kirashitse.


Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite