Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 10:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nzobahana uko ngomba: kand’ amahanga azokoranira kubarwanya, igihe bazoba baboshwe kubg’ ibicumuro vyabo vyompi.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 10:10
20 Referans Kwoze  

Uko ni ko nzoba nimaze ishavu, n’ubushangashirwe nabagiriye nzoba ndabutuye, kandi nzoba nshizwe: nuko bazomenya yuko jewe, Uhoraho, nabivuganye agatsi, ni naheza kwimara uburake mbafitiye.


Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo.


Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


Mbere naho batanga impēra mu mahanga, sinzobura kubakoranya; kandi bazotangura gukeha kubg’ umutwaro umwami ari hejuru y’abaganwa azogenda abaremēka.


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobavyukiriza igitero, mbatange bateragiranwe hirya no hino kandi basahurwe.


Ni co catumye ndamutanga mu maboko y’abūzure biwe, mu maboko y’Abashuri, abo yagomwa.


Uko ni ko nzoba ntuye ubushangashirwe ngufitiye, n’ifuhe ryanje nkugirira rizoba rikuvuyeko; nanje kizoba giciye, nzoba ntakiratse.


nuko rāba, nzokoraniriza abūzure bawe bose hamwe, ari bo bāguhimbara, bo n’abo wagomwa bose, hamwe n’abo wanka bose, nzobaguteranirizako baguturuke impande zose, maze ntwikurure ibiteye isoni vyawe, kugira ngo babibone vyose.


mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzobakubiranya hamwe n’ibirwanishwa biri mu maboko yanyu, ivyo murwanisha umwami w’i Babuloni n’Abakaludaya babugarije, muriko murabarwanisha inyuma y’inzitiro z’iki gisagara, mbakoranirize hamwe hagati muri co.


Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.


Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko!


Kandi nk’uk’ Uhoraho vyamuhimbara kubagirira neza no kubagwiza, ni ko bizomuhimbara kubahonnya no kubatikiza; muzorandurwa mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.


Yemwe Bisirayeli, mwacumuye uhereye igihe c’i Gibeya: aho ni ho bahagaze bashikamye, kugira ngw intambara iteye abagabitanya ntibashikeko i Gibeya.


Umwami araheza yīgīra inama, acurisha ibishushanyo vy’ amamasa bibiri mw izahabu, abarira abantu, at’ Erega birabagoye kwama mudūga i Yerusalemu: ehe rāba, ngizi imana zanyu zabakūye mu gihugu ca Egiputa, yemwe Bisirayeli!


Canke woshobora kuyambika umugozi ngw ikurimire ikivi? Canke se yogenda irakubiturura inyuma yawe mu myonga?


Igihuhuta cabatwaye mu mababa yaco; kandi bazomāramāzwa n’ibimazi vyabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite