Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abisirayeli bār’ umuzabibu utotahaye, wama inzabibu zawo; ukw ivyo bamye vyabaye vyinshi, ni ko bagiye bagwiza ibicaniro vyabo vy’ibigirwamana; kand’ ukw igihugu cabo cagiye imbere, ni ko bagiye bashariza inkingi z’ibigirwamana.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 10:1
24 Referans Kwoze  

Efurayimu ko yakwiragije ibicaniro vyo gukora ivyaha, ivyo bicaniro bizomubera ivyaha nyene.


Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.


Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.


None se za mana zawe wironkeye ziri hehe? Ni zihaguruke, namba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe: kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw imana zawe zingana.


Ntimuze mwironderere ibigirwamana, canke ngo mushinge igishushanyo, ar’ ikibāzano, ar’ inkingi y’ibuye, kandi ntimuze mugire ikibuye mushira mu gihugu canyu gikorogoshoyekw ibishushanyo co kwunamira: kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Kuko bītabiye ibitabo, bagashinga n’amabuye kw inkingi, bo n’inkingi bashingiye Ashera, ku musozi muremure wose no musi y’igiti cose gitotahaye.


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


Kuk’ Uhoraho agarukanye icubahiro c’aba Yakobo, nk’icubahiro c’Abisirayeli; kukw abasahuzi babasahuye, bagahanyagura amashami y’imizabibu yabo.


Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.


Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana.


Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.


Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Uko bākomeje kugwira, ni ko bārushirije kuncumurako; icubahiro cabo nzogihindura ibitētērwa.


Naho yorondoka muri bene se, umuyaga uturutse i burasirazuba uzoza, ni wo muyaga w’Uhoraho udūga uvuye mu bugaragwa; isōko yiwe izokamuka, iriba ryiwe rigaduke: azonyagwa itunga ry’ibintu vyiwe vyose vy’imbombovu bihimbaye.


Kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw izo mana zawe zingana: kandi nk’ukw inzira zo muri Yerusalemu zingana ni ko mwagiye mushirah’ ibicaniro mubishiriyeho bga buyobe bganyu, ni vyo bicaniro vyo kwoserezakw imibavu Bayali.


Kuko jewe Uhoraho Nyen’ ingabo nari narakubaditse, ari jewe nyene nkugeneye ivyago, kubg’ ibibi vyakozwe n’ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda, ivyo bakoze vyo kundatsa, mu kwosereza Bayali imibavu.


Noneho ngira ngaragarize ibiteye isoni vyiwe imbere y’abūzure biwe, kandi nta n’umwe azomurokora ngw amunkūre mu maboko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite