Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ Uhoraho aramubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Yezireli; kuko hasigaye igihe gito ngahōra ab’ inzu ya Yehu amaraso yaviriye i Yezireli, kandi nzohenebereza ingoma y’inzu ya Isirayeli.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 1:4
32 Referans Kwoze  

Uhoraho aravuga, at’ Izina ryiwe n’umwite Sabantubanje: kuko mutar’ abantu banje, nanje sinzoba Imana yanyu.


Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya.


Watoye inzira ya mukurwawe, ni co gituma igikombe ciwe ngira ndagishire mu kuboko kwawe.


Nukw abo batwikurura ibiteye isoni vyiwe; batwara abahungu biwe n’abakobga biwe, na we ubgiwe bamwicisha inkota: nuko kuko bāmuciriyekw iteka, ahinduka akābarore mu bagore.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mmaze kwirukana Isirayeli Inamusubiranyuma, no kumuha icete c’uko tuvāvānura, ku nyanduruko y’uko yasambanye, na ho nyene mbona mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ata kōba agize: na we n’uko, aragenda yihindura maraya.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.


Ashitse i Samariya, ageseza abāri basigaye bose kuri Ahabu bar’ i Samariya, gushitsa abaherengeteje, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, iryo yabariye Eliya.


Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubgira, at’ Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa (risobanurwa ngo Petero).


Yaka ico kwandikako, arandika, at’ Izina ryiwe ni Yohana.


Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’ uz’ umwite YESU.


Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Zakariya, kukw ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uz’ umwite Yohana:


Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.


Imana yanje izobata kure, kuko batayumviye; kandi bazoba inyererezi mu mahanga.


isi na yo yitabe ingano na vino n’amavuta, na vyo vyitabe Yezireli.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Mu mwaka ugira mirongwitatu n’umunani Uziya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Zekariya mwene Yerobowamu yima i Samariya mu Bisirayeli; amara amezi atandatu ari ku ngoma.


Bukeye Pashuri akūra Yeremiya mur’ izo mpatane. Maze Yeremiya aramubgira, at’ Uhoraho ntiyakwise Pashuri, ariko yakwise Magori‐misabibu.


Urubibe rwabo rwaca i Yezireli n’i Kesuloti n’i Shunemu,


I Samariya hār’ abahungu mirongwirindwi bandurutse kuri Ahabu. Bukeye Yehu yandika ivyete, abirungika i Samariya ku bakuru b’igisagara no ku bashingantahe no ku bājejwe abo buzukuru ba Ahabu;


Nuko ndārira umugore w’ūvugishwa, asama inda, avyara umuhungu. Maz’ Uhoraho aca arambarira, ati Mwite Maheri‐shalali‐hashi‐bazi.


Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite