Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 1:2
24 Referans Kwoze  

Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.


Maz’ igihugu gica cononekara, kuko Isirayeli yabaye vyenywe mu busambanyi bgiwe, agasambana n’amabuye n’ibigegene.


Uko ni ko bandujwe n’ ibikorwa vyabo, Bagenda bahurumba nk’ ibimaka mu ngeso zabo.


Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.


Amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntahāga ivyaha, basukasuka imitima idashikamye, bafise imitima yamogoreye kwifuza inyungu, ni bo bana b’ibivume.


Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.


Efurayimu ndamuzi, kandi Isirayeli na we ntanyihishije: erega wakoze ivy’ ubusambanyi, ewe Efurayimu, Isirayeli na we yarihumanije.


Itanguriro ry’ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, Umwana w’Imana.


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Kukw abakuja kure bazoranduka; Wahoneje abakuretse bose bagacika ibimaka.


ngw Arik’ ukagendana iz’ abami b’Abisirayeli, ugakwegera Abayuda n’ababa i Yerusalemu ngo bahurumbire mu bumaka, ngo Nk’ukw ab’ inzu ya Ahabu bākoze; ngo Kand’ ukica barumuna bawe, ari bo nyene b’inzu ya so bākurusha ingeso nziza;


Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.


Uvuga ute, uti Sinanduye, kand’ uti Sinakurikiye Bayali? Itegereze inzira zawe zo mu mwonga, umenye ico wakoze! Ur’ ingamiya y’iriza y’impehu, igenda iharātwa;


Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite