Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hoseya 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.

Gade chapit la Kopi




Hoseya 1:11
24 Referans Kwoze  

maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Ko gutabga kwabo kwazaniye abari mw isi kwuzura n’Imana, ukugarukanwa kwabo kuzoba gute? Mbega ntikuzoba ubugingo buzutse mu bapfuye?


Kandi nzogarukana Abisirayeli mu canya cabo, na bo bazorīsha i Karumeli n’i Bashani, bafore amabondo bari ku misozi y’i Efurayimu n’i Gileyadi.


Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Ew’ amagorwa ari hano! Kuk’ uwo musi uhambaye, nta wuhwanye na wo: n’igihe c’umubabaro wa ba Yakobo; yamara bazogikizwa.


Umwami wabo azoba uwo muri bo bgite, ūbaganza akomoke hagati muri bo: nanje nzomwiyegereza, kand’ azonshikīra: kuko ni nde yohangara kunshikīra? ni jewe Uhoraho mbibajije.


nti Rāba nzobakoranya, mbakūre mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye mfise ishavu n’ubushangashirwe n’ uburake bg’inkazi; kandi nzokwongera kubagarukana aha hantu, ndababesheh’ amahoro:


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Noneho, ngira ngarukane aba Yakobo, mbakūre mu ngoyi zabo, ngirire imbabazi ab’ inzu ya Isirayeli bose, kandi mfuhire izina ryanje ryera.


Mwite barumuna banyu, Bantubanje, na bashiki banyu, ba Inambabazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite