Hoseya 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)10 Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima. Gade chapit la |
Nuko bazozana bene wanyu bose babakūye mu mahanga yose kw ishikanwa ryanje Uhoraho, bazoza bagendera ku mafarasi no mu mikogote ikwegwa na yo, no mu nderuzo no ku nyumbu no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje wera Yerusalemu, ni k’Uhoraho agize; bizoba nk’ ukw Abisirayeli bahora bazana amashikanwa yabo mu nzu yanje Uhoraho, bayazanye mu bintu bitunganye.