Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hagayi 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rivugira muri Hagayi uwavugishwa na we,

Gade chapit la Kopi




Hagayi 1:3
5 Referans Kwoze  

Maz’ abavugishwa n’Imana Hagayi na Zekariya mwene Ido bavugishwa mw izina ry’Imana y’Abisirayeli, babarira Abayuda bar’ i Buyuda n’i Yerusalemu.


Mu kwezi kw’umunani mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana,


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Iri hanga rivuga ngw Igihe ntikiragera, igihe co kwongera kwubaka ingoro y’Uhoraho.


riti Mbeg’ iki n’igihe kibereye c’uko mwebge mwokwibera mu mazu yanyu ajererenze amagarwe, na yo iyi ngoro igihomvaguritse?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite