Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hagayi 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Iri hanga rivuga ngw Igihe ntikiragera, igihe co kwongera kwubaka ingoro y’Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Hagayi 1:2
14 Referans Kwoze  

Nukw ico cete c’umwami Aritazeruzi kimaze gusomerwa uwo mujanama Rehumu na Shimushayi umukarani na bagenzi babo, baca baja i Yerusalemu, ah’ Abayuda bari, bababuza kwubaka ku bubasha no ku kagōbēro.


Maz’ Abayuda baravuga, bat’ Abikorezi bacitse intege kuko har’ ibishingwe vyinshi; ntitugishoboye kwubaka uruzitiro.


Ūgendeza umuyaga ntazobiba, kand’ uwitegereza ibicu ntazokwimbura.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Arikw abari baradūganye na we, bati Ntitwoshobora kudūga ngo turwanye abo bantu, kuko baturusha ubuhizi.


Gutinya abantu n’ukwitega umutego, Arik’ uwizigira Uhoraho azoba amahoro.


Umunyabute aravuga, ati Hanze har’ intambge: Nogwa mu nzira.


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


Maz’ ijambo ry’Uhoraho rivugira muri Hagayi uwavugishwa na we,


Maz’ umwami Yowasi ahamagaza umuherezi Yehoyada n’abandi baherezi, arababaza, ati N’iki cababujije gusanura ah’ iyo ngoro yasambutse? None rer’ ayo mahera y’abo muzinanyi mwahora mwaka, ntimwongere kuyatwara, ariko muyatange, kugira ngw asanure ah’ iyo ngoro yasambutse.


igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite