Nukw ico cete c’umwami Aritazeruzi kimaze gusomerwa uwo mujanama Rehumu na Shimushayi umukarani na bagenzi babo, baca baja i Yerusalemu, ah’ Abayuda bari, bababuza kwubaka ku bubasha no ku kagōbēro.
Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,