Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Hagayi 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,

Gade chapit la Kopi




Hagayi 1:1
41 Referans Kwoze  

ni bo bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa na Nehemiya, na Seraya na Reyelaya na Moridekayi, na Bilishani na Misipari na Bigivayi, na Rehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:


Nuko mu mwaka ugira kabiri uhereye aho bashikiye ku kibanza c’ingoro y’Imana i Yerusalemu, mu kwezi kwa kabiri, ni ho Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki batanguriye gukora, bafatanije n’abandi bagenzi babo b’abaherezi n’ Abalewi, n’abavuye mu kinyago bose bakaza i Yerusalemu; bashirah’ Abalewi, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, kugira ngo bahagarikire igikorwa c’ingoro y’Uhoraho.


Maze Yosuwa mwene Yehozadaki ahagararana na bagenzi biwe b’abaherezi na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na bagenzi biwe, bubaka igicaniro c’ Imana y’Abisirayeli co kwoserezakw ibimazi, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana.


Ku musi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we,


Maze Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli, na Yosuwa umuherezi mukuru mwene Yehozadaki, hamwe n’amasigarira yose yo mur’ iryo hanga, bumvira ijwi ry’ Uhoraho Imana yabo, n’amajambo ya Hagayi uwo yavugisha, nk’uk’ Uhoraho Imana yabo yamutumye; kand’ abantu baterwa n’ubgoba imbere y’Uhoraho.


bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa, na Nehemiya na Azariya, na Rayamiya na Nahamani, na Moridekayi na Bilishani, na Misipereti na Bigivayi, na Nehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:


Maz’ Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli yaganza i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, n’umutima wa Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’imitima y’amasigarira yose y’iryo hanga; baraza batangura gukora ku ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yabo,


Nukw abakuru b’Abayuda bagira ikiganza ciza mu kwubaka, bafashijwe n’ukuvugishwa kwa Hagayi uwavugishwa n’Imana na Zekariya mwene Ido. Barayubaka iruzura, nk’ukw ibgirizwa ry’Imana y’ Abisirayeli ryashinze, kandi no kubg’ icagezwe ca Kuro na Dariyo, na Aritazeruzi umwami w’i Buperesi.


Nukw ijambo ry’Uhoraho riza kuri Hagayi ubugira kabiri, kur’ uyo musi wa mirongwibiri na kane w’ukwo kwezi,


Yamara noneho rema, ewe Zerubabeli, ni k’Uhoraho agize; nawe nyene rema, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki; kandi namwe bantu bo mu gihugu mwese, ni mureme, ni k’Uhoraho agize, kandi mushireko mukore, kuko ndi kumwe namwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize,


Yosuwa yavyaye Yoyakimu, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu avyara Yoyada,


Aba ni bo baherezi n’Abalewi bādūganye na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa; ni Seraya na Yeremiya na Ezira,


Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, umunyabgenge w’ivyanditswe, n’Abalewi ari bo bigisha abantu, baraheza bababgira bose, bat’ Uyu musi n’ uwo Uhoraho Imana yanyu yejeje, nta co mubabara kandi reka kurira; kukw abantu bose bariko bararira, aho bumviye amajambo y’ ivyagezwe.


Kand’ uhereye umusi umwami Aritazeruzi yangize icēgēra ciwe mu gihugu c’i Buyuda, kuva ku mwaka ugira mirongwibiri kugeza ku mwaka ugira mirongwitatu n’ibiri ari ku ngoma, ukw ar’ imyaka cumi n’ibiri, ari jewe ari bene wacu, nta ho twigeze dutungwa n’amarari yagerewe icēgēra c’umwami.


Nukw igikorwa c’ingoro y’ Imana ir’i Yerusalemu barakireka, gushitsa mu mwaka ugira kabiri Dariyo umwami w’i Buperesi ari ku ngoma.


baca bēgēra Zerubabeli n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza, barababgira, bat’ Enda dufatanye namwe kwubaka, kuko dusenga Imana yanyu nk’uko namwe muyisenga; kandi twamye tuyishikanira ibimazi uhereye ku ngoma ya Esarihadoni, umwami w’i Ashuri yatudūganye akatuzana ino.


Umucamateka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


izo mbombovu Kuro umwami w’i Buperesi mu kuzisohora atuma Mitiredati umuzezwabintu wiwe, na we aziharūrira imbere ya Sheshibazari umuganwa wo mu Bayuda.


Bene Pedaya ni Zerubabeli na Shimeyi; bene Zerubabeli ni Meshulamu na Hananiya, kandi bari bafise mushiki wabo Shelomiti;


Abo Yekoniya yavyaye ar’ imbohe ni Sheyalutiyeli,


Mugabo asubiza urubibe rw’i Bgisirayeli aharwo, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku kiyaga co mu kiyaya Araba, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli ryavuze, iryo yavugiye mu musavyi wiwe Yona mwene Amitayi w’i Gati‐heferi, uwo yavugisha.


Abisirayeli bose baramuhamba, baramuririra, nk’ukw ijambo Uhoraho yavugishije umusavyi wiwe Ahiya riri.


Yohanani mwene Resa, Resa mwene Zerubabeli, Zerubabeli mwene Shalutiyeli, Shalutiyeli mwene Neri,


Aramwishura, ati Mwami, ndakwinginze, rāba uwundi wese utuma.


udashizemw’ ayakwa abahanjuzi kw ibibuguro n’ayakwa mu nyungu z’abadandaza, n’ayakwa abami bose bo muri Arabiya n’abaganza igihugu.


Maz’ abavugishwa n’Imana Hagayi na Zekariya mwene Ido bavugishwa mw izina ry’Imana y’Abisirayeli, babarira Abayuda bar’ i Buyuda n’i Yerusalemu.


Mur’ iyo misi nyene Tatenayi icēgēra c’umwami co hakuno y’uruzi, na Shetari‐bozenayi na bagenzi babo, baza aho bari, barababaza, bati Ni nde yabahaye ibgirizwa ryo kwubaka iyi nzu, ngo mwuzuze n’uru ruzitiro?


Abo mu bana b’abaherezi bābiriye abagore b’abanyamahangakazi ni Mayaseya na Eliyezeri na Yaribu na Gedaliya muri bene Yosuwa, Yosuwa mwene Yehozadaki, na bagenzi biwe.


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Iri hanga rivuga ngw Igihe ntikiragera, igihe co kwongera kwubaka ingoro y’Uhoraho.


Maz’ ijambo ry’Uhoraho rivugira muri Hagayi uwavugishwa na we,


riti Barira Zerubabeli, umwe atwara i Buyuda, uti Nzotigitisha ijuru n’isi:


Ereg’ iyo mutanze impumyi kw ikimazi, mugira ngo Nta co biriko! N’iyo mutanze iyicumbagira n’iyirwaye, na ho nyene ngo Nta co biriko! Genda uyishikanire icēgēra c’umwami: mbeg’ ubgo yogushimira, canke yokwemera n’uko mubonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


hāri ku musi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kwa gatandatu, mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma.


Mu kwezi kw’umunani mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana,


Maz’ anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika w’Uhoraho, na Satani ahagaze i buryo bgiwe ngw amurege.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite