Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Natwe n’uko: tukir’ abana twari tujakariye ivya mbere vyo mw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 No kuri twebwe ni uko vyari bimeze Kristo ataraza. Twari tumeze nk’abana bakiri bato; twari abagurano b’ubushobozi bw’impwemu butegeka iyi si.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 4:3
20 Referans Kwoze  

Asangwa mwarapfanye na Kristo, mukareka ivya mbere vy’isi, n’iki gituma mwemera kuganzwa na ya mabgirizwa, nk’abazokwama bari kw isi —


Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.


ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?


kand’ ari co coshimishije abīgira bene Data bānyegetejwe mw ishengero, binjiye mu mpisho ngo batate ukwidegemvya kwacu dufise muri Kristo Yesu, kugira ngo badushire mu buja.


Nuko bene Data, ntitur’ abana b’incoreke, tur’ aba wa mugore bgite.


None rero n’iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge?


Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.


Nuko Yesu abgira Abayuda bāri bamwemeye, ati Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri;


atāhawe ubuherezi n’uko vyashinzweho n’ivyagezwe vyo mu buryo bg’abantu, ariko yahawe ubushinzwe n’ubushobozi bg’ubugingo budashobora gukūrwaho.


Nuko Hagari n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, usobanurwa ngo Yerusalemu wa none, kuk’ usangiye ubuja n’abana bawo.


Nukw ivyagezwe n’ibiki? Vyageretsweko kubg’ ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’ uruvyaro ruzozira rwasezeranywe ivy’ isezerano: kandi vyahawe abamarayika kubigera, na bo babiha umushikirwa w’amajambo.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Kuko tuzi yukw ivyagezwe ar’ ivy’ impwemu; ariko jewe nganzwa n’akameremere kanje, naguriwe kuba umugurano w’icaha.


Murihangana, iy’ umuntu abagize abaja, iy’ abariye, iy’ abafashe, iyo yishize hejuru, iy’ abakubise urushi.


Arikw aganzwa n’abamuzigama n’ababgiriza kugeza mu kibariro cashinzwe na se.


Arikw ico gihe, kuko mutāri muzi Imana, mwari mujakariye imana zitari zo uhereye mu kameremere kazo:


Ivyo ni nk’umugani. Kukw abo bagore ari nk’amasezerano abiri, rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivyara abo kuguma mu buja, iryo ni Hagari.


Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite