Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.

Gade chapit la Kopi




Filipi 4:6
45 Referans Kwoze  

Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara.


Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: Ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa.


Ntimuze muse na bo; kuko So azi ivyo mukennye mutaramusaba.


ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye.


Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, Ni ho imigabo yawe izokomera.


Yemwe bantu, mwame muyizigira ibihe vyose: Musuke ivyo mu mitima yanyu imbere yayo: Imana ni yo itubera ubuhungiro. Sela.


Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;


musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.


Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,


Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.


Mwami, teranura iminwa yanje, Ni ho akanwa kanje kazokwamamaza ishimwe ryawe.


Kand’ amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe: kandi mube abama bakenguruka.


Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.


Imana, Data wa twese, muyishimire vyose imisi yose, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


Ku mugoroba no mu gitondo no mu mashōka nzokwama niganyira, ncura umuniho, Na we azokwumva ijwi ryanje.


Umwami Yesu aramwishura, ati Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi:


None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?


Ariko babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muyuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ ako kanya.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Kandi ntimukītwaririke ivyo murya n’ivyo munywa, ntimukiganyire.


Ariko Hana aramwishura, at’ Oyaye mwami wanje, nd’ umuntu yabonye amahano! Nta vino nanyoye cank’ ikindi kiboreza, ariko nariko ndasuka amajojwa yanje imbere y’Uhoraho.


namwe muhūje imitima yo kudufasha mudusengera, ngw ingabire twaheshejwe na benshi, benshi bayishimire Imana kubgacu.


Ariko ndagomba ko mutiganyira. Ūtagira umugore yitwaririka ivy’ Umwami wacu, uko yonezereza Umwami:


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.


Shaduraka na Meshaki na Abedunego bishura umwami Nebukadineza, bati Ntiturinda kugira ico tukwishura kur’ iryo jambo.


Ivyo bituma umwami Hezekiya, n’uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi, basenga, batakambira Iyo mw ijuru.


Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.


Ewe inanuma wanje, uba mu gihoro co mu gitandara no mw isenga ryo ku gatembge, Reka ndābe mu maso hawe, numve n’ijwi ryawe; Kukw ijwi ryawe ari ryiza, n’uburanga bgawe bukaba buhebuje.


Wahamagawe ur’ umugurano? Ntibikubabaze. Ariko, namba bishoboka k’ucika uwidegemvya, ubihitemwo.


Arik’ Uhoraho Mana yanje, shira umutima ku gusenga kw’umusavyi wawe no ku kwinginga kwanje, zirikana ugutakamba kwanje n’ ugusenga jewe umusavyi wawe nsengeye imbere yawe uyu musi,


Nuko mpejeje gushīra Baruki mwene Neriya ico cete c’uko naguze, nca nsenga Uhoraho,


Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.


Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.


Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanūra kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana:


Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite