Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.

Gade chapit la Kopi




Filipi 4:4
18 Referans Kwoze  

Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga;


Ibisigaye bene Data, munezererwe mu Mwami wacu. Kubandikira ben’ ivyo ntikundambira, kandi namwe kurabaremesha.


Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.


Ariko munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe.


Nzokwama nshima Uhoraho nkiriho, Nzokwama ndirimbira Imana yanje ishimwe ngihumeka.


Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva,


Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.


Ariko naho yoba ari twebge cank’ umumarayika avuye mw ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubgo twababariye, arakavumwa.


Munezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi. Gushima kurabereye abatunganye.


Na ho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, Mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje.


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


abe ari ko namwe munezerwa, munezeranwe nanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite